Intara ya Karusi yashikirijwe Buramatari wayo mushasha.

Kuruyu wa kane 12 Nzero 2023 niho Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikiriza icese, Buramatari mushasha w’intara ya Karusi Dévote Nizigiyimana. Mu kumushikiriza icese ayo amabanga , anamwerekana imbere y’abenegihugu, Umukuru w’igihugu yamwipfurije kuba umwungere mwiza, aca asaba n'izindi ndongozi kumubera abahanuzi beza, bakore barondera ineza y'abenegihugu.


➡️Ico mwomenya ku ntara ya Karusi:


Intara ya Karusi iherereye mu karere ko hagati mu gihugu. Ifise uburinganire bungana na 1 457 km² . Igahana urubibe n’intara za Cankuzo na Muyinga mu buseruko, Ngozi mu buraruko, Ruyigi mu bumanuko na Gitega mu burengero. Karusi ifise amakomine 7 ariyo: Bugenyuzi,  Buhiga, Gihogazi, Gitaramuka,  Mutumba, Nyabikere na Shombo. Muri kino gihe ikaba igeze ku bantu barenga gato 600.000. Ahanini ikaba itunzwe n’uburimyi hamwe n’ubworozi.

ISOKO: AKEZA. NET

Comments