BURUNDI: Umukuru w'igihugu yaneguye inyifato y'abashingamateka k'ukutavugira abanyagihugu barenganwa na ba Musitanteri.
"Umunsi jewe nobaza abashingamateka neza, jewe bonyishura. Mbwira ingene umwenegihugu arenganywa na musitanteri, afise umuntu amuserukira, amurabira, ntiyigere amuburanira? Uba uri umushingamateka w’amaja hehe? Ikomine y’iwanyu, niwaba uzi ko watowe muri conseil communal (inama ya komine), ugasanga abenegihugu bidoga, nta na kimwe wakoze…", Evariste Ndayishimiye
Umukuru w’igihugu yasiguye ko uwo mushingamateka ariwe yari kubashikira kwa musitanteri canke kwa buramatari. Abazi ati: "Uba uri umushingamateka wa hehe, wewe urindira itegeko riva mu nama nshikiranganji, ngo twaritoye ijana kw’ijana ngo ni vyiza cane? Oyaa". Ku bwiwe, hari n’abaca bigira I Bujumbura bakamatayo, bakagaruka manda iheze ngo ntora. Banse kumutora, agaca aja muri opposition (umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi).
Perezida Ndayishimiye yabivuze kuri uyu munsi ugira kane w’amasengesho, ariko abera muri komine Vumbi intara ya Kirundo. Yariko ahamagarira indongozi kutagara mu mabanga kuko ico kibanza bazokivamwo. Abatera akamo nyabuna ko gukorera abanyagihugu kuko ubutegetsi ari ubwabo.
Isoko:Radio Isanganiro.
Ifoto/Ntare Rushatsi House
Comments